Imana yakoze neza

Guhimbaza 315

Verse 1
Imana yakoze neza Ibidutangaza, Abantu bo mur' iyisi Batamenya na mba.
Verse 2
Ni mushim' iyateguye Inzira ducamwo, Tukabatubonany'ubu Tutishwe n' ivyaha.
Verse 3
Twari twaratandukanye, Ariko noneho Dusubiye kubonana Dufis' akaneza.
Verse 4
Yemwe bagenzi dukunda Nta co tubagaya, Mu vyo twafatanijemwo Turabashimiye.
Verse 5
Nuko bagenzi,Ku Mana, Mw isi ni ko biba, Abakunda Siyoni nsha Ni ho tuzobana.
Verse 6
Umugisha w' Uhoraho Uhorane namwe, Abah' akanyamuneza Mu rugendo rwanyu.
Home Favorites
Settings