Haj' Umuntu ku ruzi

Guhimbaza 317

Verse 1
Haj' Umuntu ku ruzi, Umwana w' umworo, Abonek' ari musi Y' abandi bo mw isi.
Verse 2
Yavuy' i we mw ijuru, N' uw' ibihe vyose, Yavukiye mu bantu, Ahinduk' umuntu.
Verse 3
Abarira Yobana, Ati N' umbatize; Na w' ati Ni je nkwiye Kubatizwa nawe.
Verse 4
Yes' aramwishur' ati Emera nonaha: Nkwiye guca bugufi No gushik' i bgina.
Verse 5
Ivyaha vy' isi yose, Ivyanje n" ivyawe, Vyose vyari kuri we, Yaravyiremetse.
Verse 6
Abishikan' i bgina Mu ruzi rw' urupfu, Azuk' abisizeyo: Dushim' Umukiza.
Verse 7
Nshimir' Imana cane Rya batizwa ryiwe Rinyinjiza mw ijuru, Mw izina rya Yesu.
Home Favorites
Settings