Nabatijwe mw'izina

Guhimbaza 318

Verse 1
Nabatijwe mw'izina Ryawe Data Mana yera Ntangur'ubu kwizera Mu vyago vyose bizoza, Ni wangez'umpe kurama, Biguter'icubahiro
Verse 2
Nabatijwe mw izina Ryawe Mwana, Mana Yera Ivyaha vyanje vyose Warabinkuyeko rwose, Umfashe, simbe nkigira Ikikubabaza cose.
Verse 3
Nabatijwe mw izina Ryawe Mpwemu, Mana Yera, Non' umpay' icicaro Mw Ishengero ry' Uhoraho: Tubone mu munezero, Untabare mu marushwa.
Verse 4
Uko mur'Ubutatu Budatana mundagano Mushimw'imisi yose Muhimirw'umubatizo Napfuye kandi nazutse Ni name mpfa kandi nzuke
Home Favorites
Settings