Habay'umus' ijuru ryanezerwa
Guhimbaza 330
Verse 1
Habay'umus' ijuru ryanezerwa,
Ariko mw isi huzuy'umwiza,
Uyo musi Yes'amanuka mw isi
Ngwavyarwen'umukobgaatunganye.
Rab' wukundo rwatumy' ampfira,
Agahamb' ivyaha vyanje mu mva,
Mu kuzuk'akantsindanishiriza:
Hazoz'umus' azogarukako.
Verse 2
Habay' umusi babamb' Umukiza
I Gologota ku musaraba,
Arababazw' akengerwa n'abantu:
Uko ni ko yankuyekw ivyaha.
Verse 3
Habay' umusi bahamb' Umukiza,
Bamushira mu mva y'umutunzi,
Kubg'ivyo sinzongera kwihebura:
Nshiz' ivyizigiro mûri Yesu.
Verse 4
Habay' umusi Satan' araneshwa,
Vyananiy' imva kugumya Yesu.
Ac' arazuka, aneshej' urupfu,
Aja mw ijur' i buryo bg' Imana.
Verse 5
Hazob'umusituzumvakw'inzamba,
Ijuru rizokayangana pe,
Umukiza wanj' azoza mu bgiza,
Aje ku ngoma ngo yime mw isi.