Kera Yes' akiri mw isi

Guhimbaza 332

Verse 1
Kera Yes' akiri mw isi Yabgiy' abigishw' ati Tujabuke tuje hakurya, Ni tujane mu bgato. Bakigcnd' arasinzira, Haz' igihuhuta, Imipfunda yisuka mu bgato, Bgariko buruzura.
Yikanguy' azibiz' ikiyaga, Ngo Hora, Kandi nta ngunza nta muyaga, Nta dayimoni kandi nta n'abantu, Nta coshobcra kwubik'ubgato Burimw' Umukiza w'ubugingo: Vyose Yes' azobizibiza, Ngo Hora, cereza Nta kitazomwumvir' avuze Ngo Cereza
Verse 2
Mwam' umuyaga ni mwinshi, Kandi turi mw irinde. Imipfund' igiye mu bgato Buriko buruzura. Mwami, ntubabaye yuko Turiko turapfa? Arikangur' azibiz' ingunza. Ngo Tekereza, hora!
Verse 3
Yesu singifis' ubgoba, Ko har" agacerere, Umparir' ukwizera guke Kwatumye ngir' ubgoba. None hareyutse rwose Mu mutima wanje, Umpe kwama nkwizigira cane, Ngukurikire hose.
Home Favorites
Settings