Iki gihe tumaranye

Guhimbaza 333

Verse 1
Iki gihe tumaranye Turongowe na ya bendera, Dutandukany' ar' amahoro Dufis'akanyamuneza.
Verse 2
Bagenzi bo ku mutima, Abo dusangiy' agakiza N' intambara y' umusaraba, Imana n'ibazigame.
Verse 3
Hairih' ijambo dusoma Mu gitabo cera c'Imana: Mutumbere Yes'Umukiza, Ntimukamuharuruke.
Verse 4
Kumbur' amaso yob' aya Ntitwongere kuzobonana, Ariko twes' abakijijwe Tuzohurir' i Siyoni.
Verse 5
Nuko bagenzi dukunda, Twabonanye wa musaraba Mur' iki gihe tumaranye, Gendan' Imana bagenzi.
Verse 6
Mw ijuru har' ingabire Nyinshi cane z'abayobotse; Mwumire ku gakiza kanyu Mwahawe mu matangura.
Verse 7
Ya mahoro yo mw ijuru Atwuzuremwo twebge twese, Kumbur' Ishengero ry'Imana, Rikir' imitim' ibiri.
Verse 8
Twihan' ubugararizi Ubg' abatubah'Uhoraho, - Tumenyc yuko twebge twese Tuzoshirw' imbere yiwe.
Verse 9
Kumbure Yesu yoz' ubu Agasanga tutiteguye, Akatugerer' ingero mbi, Nya ngero mwumva n'urupfu.
Verse 10
None rero n'agasaga Bene Data dufatanije; I wacu twese ni mw ijuru Tuzohorana na Yesu.
Home Favorites
Settings