Amaraso yose

Guhimbaza 334

Verse 1
Amaraso yose Y'intama n'impene Y' ibimazi vy' Abayuda Nta c' atumarira.
Verse 2
Yesu wa Mwagazi W'Intama w'Imana Ni we wenyen' ashobora Kudukiz' ivyaha.
Verse 3
Yabay'ikimazi Kirusha vya bindi, Nta yandi ma ras' ariho Yo kutwoz' ivyaha.
Verse 4
Ndambits' ikiganza Ku mutwe wa Yesu, Mushizekw ivyaha vyanje, Mvyatuye nihannye.
Verse 5
Umutwaro wanje Yarawikoreye, Ari ku git' amanitswe Ari jew'azize.
Verse 6
Twizeye dushima Wa Mwana w' Imana, Kuk' umuvumo twariko Wavuyeho rwose.
Home Favorites
Settings