Napfanye na Yesu

Guhimbaza 342

Verse 1
Napfanye na Yesu, mpfa ku vyaha. Ndiho mûri we mfis' ubugingo, Ntumbera Yes' ahari mw ijuru: Akanya kose, Mwami; nd' uwawe.
Akanya kose ni w' anzigama, Akanya kose mfis' ubugingo, Ntumbera Yes' ah' ari'mw ijuru: Akanya kose, Mwami, nd' uwawe.
Verse 2
Kandi mu ntambara,ndwany'ivyaha. Ni w' antabar' akanneshereza, Kukw ari we Nyen' inganji zose: Akanya kos' ampozakw ijirho.
Verse 3
No mu magorwa yam' amba hafi, Ni w' anyakir' imitwaro yose, Yamana nanje mu mibabaro: Akanya kose, yam' anzigama.
Verse 4
Kandi n' iyo nsuhuz' umutima, Mfis' umubabaro n' akabonge, Cank' iyo ndi no mwirinde ryose: Akanya kose, yam' anyibuka.
Verse 5
Mu ntege nke zanj' amp' inkomezi, Nta n' indwar' ananirwa gukiza, Yesu ni we Murokozi wanje: Akanya kose ni we tubana.
Home Favorites
Settings