Kuri wa mus' aho tuzozuka
Guhimbaza 343
Verse 1
Kuri wa mus' aho tuzozuka
Twese tugiz' imibiri misha,
Amarira n' uburibge
Ntibizoba bikiboneka.
Verse 2
Ubu bugingo n' uyu mubiri
Vyombi bikwiye gutandukana,
Bikarorer' urya musi
Biryamye vyisinziririye.
Verse 3
Non'uyu mubiri w'ikiruhe
Turawuryamitse ngaha mw ivu,
Arik' ubugingo bgo bgo,
Buririmbir' Umwami Yesu.
Verse 4
Hanyum' ubugingo n' umubiri
Ni vyamara gusubira hamwe,
Nta kizobitandukanya,
Bizohag' ishusho ya Yesu.
Verse 5
Ewe munezero mwinshi cane
Tuzobona ku musi w'izuka,
Ni h1 imva zose zo mw isi
Zizogarukan' abapfuye.
Verse 6
Uwo mus' abavyeyi n' abana
N' abagabo n' abagore babo,
Bo n' abavukana bose
Bazosubira kubonana.
Verse 7
Mwami Yesu, mur' iryo huriro
Emera kuduha gushikayo.
Uturenz' urupfu natwe,
Twizey' umusaraba wawe.