Enda ni muze twihererane

Guhimbaza 345

Verse 1
Enda ni muze twihererane, Ibikorwa birabananije; Mwiyuh' ivyuya, mutenzukirwe, Mbasubizemw' inkomezi zanje.
Verse 2
Murek' ibikundwa n' ab' iyi si: Ngo tuyag' ivy' ab'isi batazi! Mubaye kumwe nanje na Data Ntimuzoba mubaye mwenyene.
Verse 3
Ivyo mwavuze n' ivyo mwakoze, Ar' ukunesha canke kuneshwa, Ivyo muziga n' ivyo mutinya. Mundondere vyos' uko bingana.
Verse 4
Ndazi yukw ar' ikigoye cane Kwemez' abantu ngo bahinduke, Yemw' abacumukuye mûrira Mwihangane nzobah' igitsibo.
Verse 5
Ni muruhuke kuk' urugendo Rukomeye, rwobagwish' isari, Mury' umutsim' ubah' inkomezi, Munywe no ku mazi y'ubugingo!
Verse 6
Maze duhejeje kubonana Musubire mu bikorwa vyanyu; Uyu mubonano wacu mwiza S' uw' ubusa, n'uw' ikimazi pe.
Home Favorites
Settings