Igihe baregera Yesu

Guhimbaza 347

Verse 1
Igihe baregera Yesu, Mw ikomb' imbere ya Pilato Yabajij' abantu bos' ati Yesu ndamugire nte?
None Yes'uramugir'ute? Hitamwo bigishoboka: Hazoz' umus' uzibaz' uti Jeh' arangirir' ate?
Verse 2
Ivyo na non' ubihitemwo, Ubigomvye womwahakana Canke womwakiran' ineza, Non'uramugir' ute?
Verse 3
Nta kujan' inzira zibiri Nk' uko Pilato yagejeje: Hanyuma vyaramunaniye: Non' uramugir' ute?
Verse 4
Petero yahisemwo nabi K uko yihakanye Shebuja; Ariko weho mwemangire: Yes' uramugir' ute?
Verse 5
Yesu ndaguhay' umutima, Ndemeye kukugendanira; Nzokwama ngukunda nkwumvira: Yesu nzokugenza ntyo.
Home Favorites
Settings