Har' umwanya woha Yesu

Guhimbaza 348

Verse 1
Har' umwanya woha Yesu Yakwikorerey' ivyaha? Nguy' arikw araramutsa, Mbega ntiwomwinjiza?
Shitsa Yesu mu mutima, Itab' ijambo ryiwe: Mwugururire n' ingoga Bikigushobokera.
Verse 2
Mu mutim' ufis' umwanya W' ibiguhimbara bindi, Ariko Yesu yabambge Nta mwany'umufitiye!
Verse 3
Har' umwanya w' ivya Yesu Wobonana gucurumba? Ubu n' igihe gikwiye, Umwitab' umwinjize.
Verse 4
Uhe Yes' umwanya none. Igihe ntikikurenge: Utarahav'uteterwa, Ngw ahebe kukwinginga.
Home Favorites
Settings