Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke
Guhimbaza 35
Verse 1
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke,
Naho noba mbambge ku musaraba,
Noharirimbira: Nkuyoboke Mwami,
Nkuyoboke Mwami ni nkube hafi.
Verse 2
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke,
Mu marushwa yose wam'undemesha.
Ni nagwa mu vyago, umpe kwihangana;
Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi.
Verse 3
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke.
Uhor' untabara name nkwizera,
Umwans' iy'anteye uz'undwanirire,
Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi.
Verse 4
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke,
Wakinguy'ijuru; nyobor' ah' uri.
Yewe ngenzi, rema, urimugukira!
Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi.