Dushime can' izina ryawe
Guhimbaza 4
Verse 1
Dushime can' izina ryawe
Yesu Mukiza wacu:
Turakwimitse ng' utuganze,
Mukama wacu Yesu,
Rugira vyose.
Verse 2
Yemwe mwishwe bamubahora,
Munezerwe mw ijuru:
Muhimbaz' uwabapfiriye:
Ni we Mukama wacu
Rugira vyose.
Verse 3
Mwa bana ba Adamu mwese,
Bacunguwe na Yesu,
Muhimbaze mwene
Dawidi, Umwami wacu Yesu
Rugira vyose.
Verse 4
Abakuwekw ivyaha mwese,
Mukaronk' ubgo buntu
Enda tumwunamire twese,
Ni we Mukama wacu
Rugira vyose.
Verse 5
Namwe banyamahanga mwese,
Imik’ uwo Mukiza,
Ni we Mucunguzi w'abantu,
Umwami wacu Yesu
Rugira vyose.
Verse 6
Twifuza cane kuzoshika
Mw ijur' aho Yes' ari,
Ngo tumushim' ibihe vyose,
Ni we Mukama wacu
Rugira vyose.