Nasezeranije guhora
Guhimbaza 41
Verse 1
Nasezeranije guhora
Ngukurikira Yesu,
Imisi yos' umpore hafi
Mukiza wanje mwiza.
Sinzokwigera ntiny' intambara,
Wew' umpagaze hafi,
Sinosbobora kuzimira
Ni wahor' unyobora.
Verse 2
Ndagomba kukwumv' umba hafi,
Kukw ivy' isi binsuka,
Amajwi yavyo numv' ageza
Kungwisha ngo nkuveko.
Ababisha babi bankikije
Bar'inyuma n' imbere,
Ariko Yes' ubatangire,
Undind' ibicumuro.
Verse 3
Ijwi ryawe ryiza Mukiza,
Rindutir' ayo yose,
Unyongorere mu mutima,
Sinkumvir' ibinsuka.
Wam' umvugira hafi ngo ndeme,
Umbarir' ivy' ugomba,
Uvuge nanje nzokwumvira
Mukiza nizigira.
Verse 4
Mukiza, wasezeranije
Abagukurikira
Yuko bose bazoj' i wawe,
Bagahorana nawe.
Kandi nanje nasezeranije
Guhora ngukorera;
Mfashish' ubushobozi bgawe
Databuja, Mukunzi.
Verse 5
Kand' umpe kuger' ikirenge
Mu c'i wawe Ndongozi,
Nta bundi bushobozi Yesu,
Nizey' atar' ubgawe.
Hor' undongor' unjana Mukiza.
Ugez' aho nzopfira,
Maz' uz' unyakire mw ijuru
Mukunzi wankijije.