Ugusenga. ugusenga

Guhimbaza 49

Verse 1
Ugusenga. ugusenga Kuramfash' ibihe vyose, Kunshikana kuri Data, Akankiza mu bingoye. Kandi Satan' iy' anteye Akansuk' uburyo bgose, Ibihetangabo kenshi, Ugusenga kuramfasha.
Verse 2
Wa gusenga, wa gusenga, Amababa yaw' ajana Ivyo nsaba kuri Data, Yiteze kump' umugisha. Kw ari we nzigak' ubuntu, Sinzoreka kumusenga, Nzomukorer' amaganya: Ntazokwanka kunduhura.
Verse 3
Kand' igihe kizoshika Mbon' ibiri kure vyose, Vy' igihugu citereye Hariy' i wacu mw ijuru. Ni ho nzoca nterurirwa, Njanwe n'abamarayika, Ndirimban' umunezero: Nt' Ugusenga ni gukuru.
Home Favorites
Settings