Yes' arakurorereye
Guhimbaza 56
Verse 1
Yes' arakurorereye,
Aragukunda;
Araguhamagar' ati
Ngwino hano.
Verse 2
Umvir' amagambo meza
Akubgir' ati
Nabambiwe kugira ngo
Ngucungure.
Verse 3
Imbabazi zanje nziza
Uzankir' iki?
Ntiwonyizer' ukakira
Agakiza?
Verse 4
Mbe ntumaz' imyaka myinshi
Uri mu vyaha,
Ujakariye Satani:
Nturambiwe?
Verse 5
None reka nkubohore,
Naw' unyizere,
Uz' aho nd' unezerewe
Ub' uwanje.
Verse 6
Yesu yamy' akubgir' ayo
Majambo meza,
Umve yongera kwinginga,
Womwank' ute?
Verse 7
Ntutebe, kukw ijwi ryiwe
Ryoca rihora;
Ubu n' igihe cemerwa,
Emer' ubu.
Verse 8
Mwami Yesu, singitevye,
Ehe nditavye:
Kub' umugurano wawe
Ni co nkunze.