Yes' arakurorereye

Guhimbaza 56

Verse 1
Yes' arakurorereye, Aragukunda; Araguhamagar' ati Ngwino hano.
Verse 2
Umvir' amagambo meza Akubgir' ati Nabambiwe kugira ngo Ngucungure.
Verse 3
Imbabazi zanje nziza Uzankir' iki? Ntiwonyizer' ukakira Agakiza?
Verse 4
Mbe ntumaz' imyaka myinshi Uri mu vyaha, Ujakariye Satani: Nturambiwe?
Verse 5
None reka nkubohore, Naw' unyizere, Uz' aho nd' unezerewe Ub' uwanje.
Verse 6
Yesu yamy' akubgir' ayo Majambo meza, Umve yongera kwinginga, Womwank' ute?
Verse 7
Ntutebe, kukw ijwi ryiwe Ryoca rihora; Ubu n' igihe cemerwa, Emer' ubu.
Verse 8
Mwami Yesu, singitevye, Ehe nditavye: Kub' umugurano wawe Ni co nkunze.
Home Favorites
Settings