Yes' araguhamagara
Guhimbaza 57
Verse 1
Yes' araguhamagara:
Ngwino mugorwa,
Ubu n' igihe gikwiye:
Ngwino mugorwa,
Ngwin' umwemer' uyu musi:
Ngwino mugorwa.
Verse 2
Namba wumv' uremerewe,
Ngwino mugorwa,
Yes' akuruhure none,
Ntiyoguhenda mugenzi,
Ngwino mugorwa,
Yes' arakwakira none:
Ngwino mugorwa.
Verse 3
Yes' arakwinginga kuza:
Ngwino mugorwa,
Ngw aguh' umugisha mwinshi:
Ngwino mugorwa,
Yes' araguhamagara,
Ngwino mugorwa