Mu bari mw isi nta wugororoka

Guhimbaza 68

Verse 1
Mu bari mw isi nta wugororoka, Kandi nta wuri no mw ijuru. Atar' abizera ko bogejwe de N'amaraso ya Yesu gusa.
Wogejwe na Yesu? Watunganijwe n'amaraso? Har' aho yakwuhagij'amaraso? Mbeg' imyambaro yaw' irera?
Verse 2
Amaraso ya Yesu yogej' artyo Abanduy' imitima yabo: Ntimukererw' ariko munyaruke Mwisuke mu maraso yiwe.
Verse 3
Umukiza ni yaz' agarukanye Ubgiza no kwubahwa rwose, Abataribgezwe bazinjir' i we Mu birori vy' ubukwe bate?
Verse 4
Ntibazohagarar' imbere yiwe, Bazohinduk' ubgoba gusa, Wiyambure rer' impuzu zanduye, Ubone kwambar' iy' ubukwe.
Home Favorites
Settings