Yesu n' Umukunzi wacu

Guhimbaza 75

Verse 1
Yesu n' Umukunzi wacu, Ni w' atwikorerera Imibabaro n' ivyaha, Akatubabarira. Umunt' adasenga wese Ntiyoronk' amahoro, Tweho tuje kuri Yesu, Tumubarire vyose.
Verse 2
Umunt' adasenga wese Yaman' ivyaha vyiwe, Ngwino, ngwino kuri Yesu Akuruhure vuba. Yes' aradukunda twese, Yes' afis' imbabazi, Yapfiriy' abantu bose, Mumusenge n' Umwami.
Verse 3
Ivyaha n' ubgoba bgose N' imitim' ibabaye Tubijane.kuri Yesu, Araduh' amahoro. Ntitugir' umutabazi Adukunda nka Yesu, Ariko Yesu wenyene N' umukunzi w' abantu.
Home Favorites
Settings