Ni muvuz' impundu bamarayika

Guhimbaza 81

Verse 1
Ni muvuz' impundu bamarayika, Kuk' umunyavyaha yihanye! Eh' ingen' Iman' imusanganiye, Wa mwana wayo w' icangazi
Kaza, kaza ! ni kw imubgira; Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika bararirimba, Banezererw' uwo yihamye.
Verse 2
Ni muvuz' impundu bamarayika, Kuk' uyu yuzuye n' Imana; Uyu munt' akiz' ingero y'ivyaha, Akab' avuts' ubga kabiri.
Verse 3
Ni muvuz' impundu bamarayika, Vuz' inanga zanyu, ririmba! Kwiz' iyo nkuru nziza, yandagare, Yuk' umunyavyah' akijijwe.
Verse 4
Ni muvuz'impundu bamarayika, Zumvikane no mur' iyi si: Icaremwe gish' iyo kibonetse Vyose birahinduka bisha INCUNGU
Home Favorites
Settings