Ewe Mukiza wanje, wakubisw'inguma

Guhimbaza 82

Verse 1
Ewe Mukiza wanje, wakubisw'inguma. Mukama wambitswe n' igitsiboc'amahwa. Mukama wababajwe, non'ushimwe cane. Wambabariye rwose, Mukama n' ushimwe.
Verse 2
Yesu, wababariy' ivyaha vyanje vyose, Wampaniw' ari jewe nari nacumuye, Car' igihano canje, urakimpanirwa, Mukama, wantabaye ngo ndonk' imbabazi.
Verse 3
Mukama, ndagushima n' umutima wose, Wampfiriye ku giti, wankijij'ivyaha; Undemeshe nizere ngo ngukurikire, Kandi n' aho nzopfira, mpfire muri wewe.
Verse 4
Aho nzovira mw isi ntundeke jenyene, Urupfu ni rwantsinda uz'ummar'ubgoba. Nah' umubiri wanj'uzobora ngashira, Ndazi ko nzokwibonera n' amaso yanje.
Verse 5
Kur' uwo musi Yes'uz' uwundemesheko, Ngo mbon' inyonga zawe nk' ah'uri ku giti; Kubg' ic' umpe kunesha nk' uko wanesheje: Hahirw' uzopf arengukijwe nawe Mwami.
Home Favorites
Settings