Ewe Krist' umutwaro wanje

Guhimbaza 83

Verse 1
Ewe Krist' umutwaro wanje Warawiremetse, Wishize mu gishingo canje, Umber’ ikimazi; Wawunkujekw ‘amaraso, Sinkiwikoreye.
Verse 2
Urupfu n'umuvumo vyari Mu gikombe canje, Waraciranguje kubganje, Maz' usubizamwo Imigisha mu gishingo ca wa mururazi.
Verse 3
Imana yabanguy' inkoni Kugira ngw impane, Ariko ntiyanshikiriye, Yamashuye wewe: Imimyore yawe Yesu Ni yo yankijije.
Verse 4
Hagigimye nyamutikiza Kiguhitirako, Wampishije mu gikiriza Ngo ntikinnyukure; Cakumpondeyeko Mwami, None hareyutse.
Verse 5
Imana yasokoy' inkota Iragusogota, Ipfushwa n'amaraso yawe, Nta c'ikingir' ubu: Umutima waw' ucika Urwubati rwayo.
Verse 6
Mukiza narapfanye nawe Kuko wampfiriye, Warazuts' unkura mu ngoyi, Uc' ungereramwo; Uranyeza ngo nze nshike Mu bgiza mw'ijuru.
Home Favorites
Settings