Gitandara c' Imana

Guhimbaza 91

Verse 1
Gitandara c' Imana, Reka nguhungireko, Kubg' imbabazi zawe Kera warammenewe; Non' ubu nkwihishemwo Ukuraka kw Imana.
Verse 2
Amazi n'amaraso Vyo mu rubavu rwawe Binkiz' uburyo bgompi Urubanza rw' ivyaha N' ubushobozi bgavyo, Vyoye kuntsind' ukundi.
Verse 3
Ivyo twokora vyose, N' umwete wacu wose, N' umubabaro mwinshi, N' amosoz' adashira, Vyose ntivyoshobora Kudukurakw ivyaha.
Verse 4
Ivyanje ntibigira Ico bimaze Yesu, Simfis' ico noguha, Ndaba ku musaraba Wawe wampfiriyeko, Ni wo nizeye gusa.
Verse 5
Raba ndagenda gusa, Ndakwinginz' unyambike; Sinshobora kwikiza, Ndakugombak' ubuntu; Unyuhagir' imvyiro Mukiza, noye gupfa.
Verse 6
Nuko nkiriho mw isi, Mwami, nguhungireko; No ku musi w' imanza, Nshitse mu nyonga zawe, Gitandara c' Imana Uz' undeke nkwisunge
Home Favorites
Settings