Ivyaha vyanje vyose

Guhimbaza 95

Verse 1
Ivyaha vyanje vyose Yarabishizweko Nah' atigez' akora Icaha na kimwe. Ndamwegera, ndasenga, Jew' umunyavyaha, Nizigiy' ic' ambgiye, At' Urahariwe.
Verse 2
Kand' ibingora vyose Ndabimuremeka, Nta wundi yoncunguye, Atar' Umukiza; Ndamwegera nj' ah' ari, Nnaniwe, mbabaye, Ngaruka mfis' intege, Abinneshereje.
Verse 3
Ni we mahoro yacu Iy' av' akagera. Yo mur' ubu bugingo, Bo no mu buzoza. Imanuweli Kristo! N'izina riryoshe, Ritamirana hose Rirush' imibavu.
Verse 4
Muri Yesu wenyene Ni h' amahor' ari, No muri Mpwemu Yera, No mu Mwam' Imana; Nta handi tuyaronka, Nta hand' aboneka: Ndanezerewe cane Kubana na Yesu.
Home Favorites
Settings