Imana yacu yatunze vyose
Guhimbaza 96
Verse 1
Imana yacu yatunze vyose,
Itunga ryo kw isi n'iryayo ryose,
Nta kintu co ngaha kitar' icayo,
Nta wobuharur' ubutunzi bg'Imana.
Nd' umwana w'Umwami,
Nd' umwana wiwe,
Twebge twe na Kristo
Tur' abana biwe.
Verse 2
Umwana w'Iman' Umutabazi
Yaje ngaha kw'isi nk'umworo rwose,
Ariko yarasubiye mw ijuru.
Nanj' azohav' anjana kump' inzu nziza.
Verse 3
Kera na kera nar' icangazi,
Nar' umunyavyaha, nar' umwononyi,
Ubu ho naravuts' ubga kabiri,
Nd' umwana w'Imana,
Umwami w'abami.
Verse 4
Jeho naho noba mu karuri
Sinobabara, ndi n'inzu mw ijuru,
Nah' ab' isi bonca bakanyomora,
Nzonezerwa kuko nd' umwana w'Umwami.