Ikinezereza cane

Guhimbaza 98

Verse 1
Ikinezereza cane Umve narakibonye, Nahaw' agakiza keza, None ndanezerewe. Ivyaha vyanje vyogejwe N' amaraso ya Yesu, Kurira no kwihebura Birarangiye rwose.
Verse 2
Ikinnezereza cane N'uko nganzwa na Yesu, Murokozi, Murokozi, Nemeye kub' uwawe. Waneshej' ivyaha, rwose, Nanj' umpa kubinesha, Wandokorey' umutima Ump' ubugingo bgawe.
Verse 3
Kuk' ur' umunyarukundo Wandondeye nzimiye, Wankuye mu vyaha vyanje, Unyit' uwawe rwose. Non' imisi yanje yose Ni wewe nizigira, Ivyo nkora vyose nkwiye Kwama mbigukorera.
Verse 4
Ndakuririmbira Mwami, Namwe ndababarira Ivyo Yesu yankoreye, Ko bintangaza cane. Yancunguj' urupfu rwiwe, Nuzuy' umunezero, Umutima wanje wose N'uw' uwawucunguye.
Home Favorites
Settings